BTM – Bridge to Muslims

Can We Know The Truth?

| Albania | Bangladesh | Burundi |  India | Indonesia | Kosovo | Malaysia | Pakistan | Philippines | South Africa |

Cover page of Can We Know The Truth book

Abizera benshi b’Abakristo n’aba Islamu basa n’abatitahura bompi mbere ntibanatahure ukwizera kwabo! Benshi biyumvira ko ayo madini abiri agwiriye cane, agashaka kumera kumwe, ko ata tandukaniro rinini riri hagati yayo kandi ko yaba Yesu na Muhamedi bahakwa kumera kumwe. Ibi bigatuma haba imisi mikuru bahuriramwo mu kibano mu gushimikira gusa ku bintu babona bahuriyeko mukibano.

Ariko, naho atagukekeranya ku bintu bishusha hagati y’ukwo kwizera kw’abo babiri, ntibakwiye kudukwegera mu kwirengagiza ibibandukanya. Kugira tumenye ukuri, turakeneye kumenya ivyemeza. Ni ubugombe bw’Imana, Umuremyi wacu, yihishuriye ubwayo ivyaremwe vyayo kandi ishaka ko abantu bose bamenya ukuri, nk’uko dushobora kubisoma mu 1 Tim 2:4:” Imana igomba abantu bose ko bakizwa bagashika kukumenya ivy’ukuri”.

Intumbero y’iki gitabu ni ukwerekana neza ishimikiro kuri ayo madini abiri, kwerekana ibishusha hamwe n’ibiyatandukanya. Imana Mushobora vyose yahaye abantu umwidegemvyo wo guhitamwo. Uruhara rwo kurondera, gutahura no gufata ingingo yo kwemera ukuri ni urwa buri wese muri twebwe.

Kirundi

Can We Know The Truth | Clip 11

The Controversy of The Crucifixion in Christianity and Islam

->
#!trpst#trp-gettext data-trpgettextoriginal=1088#!trpen#Tembeza hadi Juu#!trpst#/trp-gettext#!trpen#