Abizera benshi b'Abakristo n'aba Islamu basa n'abatitahura bompi mbere ntibanatahure ukwisha kwao! Benshi biyumvira ko ayo madini abiri agwiriye, agashaka kumera kumwe, ko ata tandukaniro rinini riri hagati yake kandi ko yaba Yesu na Muhamedi bahakwa kumera kumbe. Ibi bigatuma haba ikisi mikuru bahuriramwo mu kibano mu gushimikira gusa ku bintu babona bahuriyeko mukibano.
Ariko, naho atagukekeranya ku bintu bishusha hagati y'ukwo kwizera kw'abo babiri, ntibakwiye kudukwegera mu kwirengagiza ibindukanya. Kugira tumenye ukuri, turakeneye kumenya ivyemeza. Ni ubugombe bw’Imana, Umuremyi wacu, yihishuriye ubwayo ivyaremwe vyayo kandi ishaka ko abantu bose bamenya ukuri, nk’uko dushobora kubisoma mu 1 Tim 2:4:” Imana igomba watu bose ko bakizwa bagashika kukumenya ivy’ukuri”.
Intumbero y'iki gitabu ni ukwerekana neza ishimikiro kuri ayo madini abiri, kwerekana ibishusha hamwe n'ibiyatandukanya. Imana Mushobora vyose yahaye watu umwidegemvyo wo guhitamwo. Uruhara rwo kurondera, gutahura no gufata ingingo yo kwemera ukuri ni urwa buri wese muri twebwe.